OBUHA mw’ihangiro ryo guhangana n’ikibazo c’iyaguka ry’ibisagara bidatunganije neza
Intara ya #Gitega co kimwe n’izindi ntara zigize igihugu c’Uburundi haribonekeza umurindi uri hejuru mu bijanye n’iyaguka ry’ibisagara bito bito biza kuba binini .

#OBUHA nk’ikigo kijejejwe gutunganya ibisagara,uburaro hamwe n’inyubako gifatijkanije n’abajejwe intwaro kiri kukivi, mu bikorwa vyo gushinga imambo (bornes) zerekena ahagiye guca amabarabara mu bisagara biriko biraguka vya #Kibimba, #Gihamagara, #Nyabikere na #Bugenyuzi.
Muri ivyo bikorwa, abakozi b’ico kigo bisunze ibicapo vy’ibisagara, vy’intara ya Gitega vyakozwe baboneka bari ku murindi ushimishije mu gushinga imambo zerekana ahazoca amabarabara.
Maze abajejwe intwaro nabo bagaca bakorana n’abenegihugu mu kubonesha bisunze izo mambo aho amabarabara aca mubucimbiri butandukanye .

Ivyo bikorwa biriko bikorwa n’ikigo #OBUHA bikaba bigamije guhangana umurindi wo kwaguka kw’ibisagara bitobito biza kuba binini kugira ngo abenegihugu bahurumbira kuza kubibamwo basange bitunganije neza muvy’amabarabara ku buryo uwipfuza kwubaka nawe bimworohera kwubaka yisunze ishusho y’igisagara.
Ihangiro nyamukuru, nuko ata gisagara na kimwe co mu gihugu cosubira kwubakwa mu kajagari nkuko vyibonekeje muri kahise, aho vyatuma ababibamwo bataronka serevisi z’ibanze nk’amatara,amazi,intereneti n’ibindi.
Abenegihugu baherereye aho hariko harangurirwa iyo migambi barashima bakavuga ko ico bishimiye cane ari uko iterambere ryamaze kubashwaramwo kuko ahaciye ibarabara iterambere rikurikira.
Kubera ko kimwe mubiranga igihugu giteye imbere ari itunganywa neza ry’ibisagara mu bijanye n’amabarabara n’inyubako, #OBUHA ntiyasigaye inyuma muguherekeza igihugu c’Uburundi mu gushika ku mbonakazoza ya 2040-2060, igihugu cifashe mu mwaka w’2040, giteye imbere mu mwaka w’ 2060.