Guhamagarira abanyamitahe bose babishoboye kuzana imitahe yabo mu mugambi wo kwubaka kijambere isoko nkuru ya Bujumbura

OBUHA – En ligne  » Publications »  Guhamagarira abanyamitahe bose babishoboye kuzana imitahe yabo mu mugambi wo kwubaka kijambere isoko nkuru ya Bujumbura

Guhamagarira abanyamitahe bose babishoboye kuzana imitahe yabo mu mugambi wo kwubaka kijambere isoko nkuru ya Bujumbura

0 Comments
audience_obuha_ung

Nkuko vyasabwe na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’UBURUNDI mu ndwi yahariwe abarundi barangurira imirimo hanze y’igihugu (Diaspora Burundaise) igenekerezo rya 30/7/2024, hafatiwe no kuvyigwa bimaze gukorwa n’ikigo OBUHA kumugambi wo kwubaka kijambere isoko nkuru ya Bujumbura, ico kigo gihamagarira abanyamitahe bigenga gushira imitahe muri uwo mugambi.

Ni muri iyo ntumbero igenekerezo rya 8/8/2024, uwurongoye ikigo OBUHA Dr.Ir.Lt-Col Léonidas NIBIGIRA yahaye umubonano abarongoye ishirahamwe UBAKA NATION GROUP, kugira bavugane ingene ryofasha mukurondera uburyo bwotuma ivyo vyigwa bishirwa mungiro.

Abarongoye ishirahamwe UBAKA NATION GROUP barashimye ivyo vyirwa.
OBUHA ihahamagarira n’abandi banyamitahe bose babishoboye kuzana imitahe yabo muri uwo mugambi.

Partager cet article !


Laisser un commentaire